Kugirirwa ubuntu n’Imana – NZEYIMANA Prosper

kugirirwa ubuntu n’Imana – Ev. NZEYIMANA Prosper

twifashije ijambo ry’Imana riri mu butumwa bwiza bw’ ; Luc 1 : 28.  Luc umugiriki akaba umuganga aboneka nk’umwanditsi w’umuhanga niwe munyamahanga wenyene yanditse mubitabo vyo mw’isezerano risashasha yabanye hafi na Paulo  kandi yanditse igitabo c’ivyakozwe n’intumwa yandikira umwubahwa théophile.

Turasoma :

Luc 1 : 26-30 ;

KUVAYO 33 : 17 ;

TITO 2 : 11-14 ;

II Ab’i korinto 6 : 1 -4

Malayika abwira Mariya ngo ugiriwe ubuntu , Ubuntu n’iki ? ubuntu nuguhabwa ikintu cagaciro kanini mumaso yawe utari ushoboye kwironsa ubwaye ukagihabwa utagisavye utari ufise nivyizigiro kw’ico kintu wokironse.

  1. IMANA YACU IGIRA UBUNTU

Yesu ashimwe cane umuntu afise ico yakiriye akizigame ntitwanjajwe kugakiza kagangana gutyo, uwutarakakira ni igihe ciwe ciza co gucakira ubuntu bw’Iman bubonerwa muri Kirisito Yesu.  Murondere ubwami bw’Imana bigishoka ko bubonwa iki nigihe c’ubuntu mwambaze umukiza akiri hafi igihe kizogera ntibibe  bigikunda, kuko  abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwoguka abana b’Imana (YOHANA 1 : 12).

Dusenge Imana

Ev. NZEYIMANA Prosper