Turasoma ijambo ry’Imana riri muri Matayo 7:24-27
Tubonye abantu 2 bubatse inzu, umwe yagereranijwe nkumunyabwenge, uwundi umupfapfa.
Umuntu yunva amajambo y’Imana akayanora agereranywa nk’ umunyabwenge yubatse inzu kurutare; Maze isegenya iragwa, ibihuhusi, bisurira kuri yanzu, iyo nzu ntiyatemba kuko yari imase kurutare.
Ariko ngo umuntu yunva amajambo y’Imana ntayakomeze asa nkumuntu wimburabwenge yubatse inzu yiwe kumusenyi. Invura iguye, imivu igatemba, umuyaga ugahuha,inzu iragwa irononekara bikomeye.
Ijambo ry’ Imana riraduhamagarira kwisuzuma tukibaza tuti mbega twibakiye kuki?kuko aho twubakiye hazomenyekana neza wa munsi tuzohura nimiyaga, ibiduhungabanya, ibitero bitandukanye, uko bizodusiga niko tuzomenya niba twubakiye kurutare canke kumusenyi.
Ijambo ry’ Imana twunvise, turarishira mubikogwa, mbega turari consulta iyo dutewe numugwanizi?
Ayo Mazu uko ari abiri uyaraba kumbure nta tandukaniro ushobora kubona, ahubwo kugira ubone itandukaniro ni mugihe haguye isegenya, umuyaga mwinshi, ukaraba ko zose zigumazihagaze.
Ayo mazu rero turayagereranya n’ aba Kristo 2 bunvise amajambo y’ Imana. Iyo ubarabira murusengero canke hanze ,ushobora kutabona itabdukaniro, Kuko bose barakora imirimo y’ Imana, barasenga,
Kugira ubatandukanye niyo satani yabateye niho ubatandukaniriza. Hari uwahagaze kigabo agwana intambara neza , uwo niwamunyabwenge
niwawundi ahagarara ashikamye mukigeragezo, agahagarara mw’ Ijambo ry’Imana kuko yatahuye ko ijambo ry’ Imana ari inkomezi rikaba nikigwanisho, kandi ko Imana ariyo idushoboza kuko ari nayo iduha inkomezi.ahagarara mwijambo ,kuko niho hari intsinzi bikarangira atsinze intambara kuko yubakiye iw’ijambo ry’Imana.
Ariko wawundi yunva ijambo akarisiga ngaho niwe bagereranije numupfapfa.
Kuko iyo satani amuteye, ararambarara akibagira rya jambo yabwirizwa canke yasomye ryamubwira ko intambara atari iyiwe ariko ari Imana itugwanirira.
Rero ni ngombwa ko ijambo twunva turibika muri twebwe kugira rizodutsindishirize muntambara duhura nazo. Twubakire kurutare arigwo Kristo,niyo fondation nzima itanyeganyezwa.
Twame twigenzura ; twisuzume niba twubakiye kurutare canke kumusenyi.
YESU ashimwe cane,
Ndabakiriye mweeese mw’izuna rya YESU, Ijambo ry’Imana n’Ubuzima,ni infunguro y,umuntu w’imbere, niryo mpamba yacu muri Rune rugendo,niryo kigwanishwa ca jewe na wewe NK,abasirikare b,ubwami. Dawidi ati nabitse ijambo mumutima wanje kugira ntagucumurako, Natwe nuko dukwiye kunikora turibike kandi twibuke kurikoresha nkikigwanishwa; na YESU niryo yaneshesheje satani mugihe yamugerageza kumusozi:
Kubw’akamaro ninkomezi birk mwijambo ry’ Imana biradusaba kurunva tukanaryunvira mugukora ivyo ritubwira.
Evangeliste NCUNGUYINKA Jean Marie