Ivyizigiro (Ibyiringiro) – Ev. Bunyoni Dieudonné

Ivyizigiro (Ibyiringiro) – Ev. Bunyoni Dieudonné

Yeremiya17:7-8   Aya majambo tuyasomye muri iki gitabu c’uwavugishwa n’Imana Yeremiya, umwe mu bahanuzi bakuru.

Uwo Yeremiya yahamagawe akiri muto cane (Yer1:6) kandi Yakomokaga mu muryango w’abaherezi. Ahanura ihanga rya Isirayeli mu mwaka wa 627 imbere y’ivuka rya Yesu.

Yeremiya

Muri ico gihe ihanga rya Isirayeri ryari ryataye Uhoraho, bakura ivyizigiro ku muremyi wabo bashira umutima ku bantu no ku bigirwamana. Yeremiya arababara kandi bamwitaga umuhanuzi w’amarira.

Aya majambo duhejeje gusoma tuyasangamwo ijambo nyamukuru ry’ivyizigiro. Ivyizigiro rero ni kimwe mu bintu bitatu bikuru Pawulo yandikiye ab, Ikorinto (1kor13:13) bitobura  ku mukristo naho ingabire zindi atozigira ariko hakagumaho ukwizera ivyizigiro n’urukundo.

Ivyizigiro rero ni ijambo rikomoka mu kwizigira. Kwizigira na ryo rikavamwo kuziga mu rundi rurimi kwizigira ni assurance ou la certitude. Mu yandi majambo ni kumenya neza udakekeranya ivyasezeranijwe n’Umwami wacu ko biriho kandi ari ivyacu kandi tuzobironka nitwarangiza urugendo amahoro tukanesha.

Turabe inyungu yo kugira ivyizigiro:

1)Ivyizigiro biratugumya ngo ntituve mu nzira y’agakiza. Dusome (Hebreux6:10).

Iyo turi mu mageragezwa ivyo vyizigiro bimera nk’ikizirikira umutima ahera cane kuko twizigira ivyo twashizwe imbere,ivyo twasezeraniwe.

Nk’akarorero :

-ubugingo budashira(igitsibo c’ubugingo)

Soma :Yakobo1:12

-igitsibo c’ubwiza ku bashikanye benshi ku bugororotsi (Daniyeri12:3),n,ibindi bitsibo bitandukanye.

2)Ivyizigiro bidutera gukorera Imana

Soma Tito1:2 ngo nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira….

Twasomye ngo : Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho ,Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe .Uri umuhirwe wewe wizigiye Uhoraho.Naho turi mu bihe bigoye aho ibiciro vy’ibintu vyiyongrranije indwara zidakira zagwiriye, urakwiyr kwizigira Uhoraho kuko ariwe nkinzo yawe

Soma Zaburi ya125:1-2 na Zaburi ya62:8

Gusozera: Ubuhombe kubatagira ivyizigiro

Soma Yerem17:5-6.Handitse ngo : Uku ni ko Uhoraho agize,ataravumwe umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi.

Wewe wataye ivyizigiro nuze kwa Yesu agusubizemwo ivyizigiro. Mu cete ca mbere Yohana yanditse1:7 haratwegereza Imana ngwino ubwire Yesu ivyagushize kure y’Imana ugata ivyizigiro. Yesu Kristo Umwami w’amahoro ngwino aguharire ivyaha kandi akwongere ivyizigiro, Amen. Abumvise ayo majambo bakayizera Umwami abahezagire.

Ev. BUNYONI Dieudonné